BurundikirundiSport

Niyonsaba Francine yabakebuye.

Umunonotsi aheruka gutahukana umudari w’ifeza mu nkino za jeux olympiques ziheruka yavuniye akagohe abarongoye ishirahamwe mpuzankino mu Burundi CNO ko ryorekura uburyo butegekanijwe ku banonotsi mu gihe hasigaye amezi atatu ngo izo nkino zikinirwe mu gisagara ca Tokyo.

Muri ubwo butumwa bwiwe Francine Niyonsaba benshi bamenyereye yahora yiruka imetero 800 ariko ubu akaba asiganwa ku bilometero birebire yibajije ati:”Mbega yemwe comité national olympique du Burundi (CNO) ntiyokwikubita agashi ikabega amahera makeyi igashigikira abanonotsi basanzwe bafise bourses ikabahigira camp d’entraînement ? Uburyo buza nubwabo kubera icuya babira reka kubaca intege”

Yongeye kumenyesha ati ishirahamwe CNO ko ivyo abivuze kubera azi ko umunonotsi akenera vyinshi kugira atere imbere no kugira ashike kure hashoboka acarangiza avuga ko atagihinduka mu ntwaro nziza muri CNO ko bibabaje .

Bamwe mu bakunzi bw’inkino babibona kumwe na Francine Niyonsaba kuko inka ikamwa ico yariye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 499