IKIRUNDI_news

Intambara hagati ya Diamond Platnumz na Harmonize irashushe muri Tanzania

 

Abahinga bavuga ko gufata ikibanza ca Mbere ari ikintu coroshe cane, ariko ngo kuguma muri ico kibanza ari ibintu bikomeye cane, kandi bisaba inguvu nyinshi. Ikibanza c’umuririmvyi wa mbere akoze ibintu bikomeye muri Tanzania kuri uyu wa gatanu cari cafashe na Harmonize.

Inyuma yaho Diamond afatiye ikibanza ca Mbere mu kuronka Views 100,000 ku ndirimbo Waah yakoranye na Koffi Olomide mu mwanya w’isaha imwe gusa, Harmonize yamukuye muri ico kibanza nawe arahicara inyuma y’ugukwiza izo Views mu mwanya w’imonota 30 gusa.

Ico kibanza uwo muririmvyi akaba yacicayemwo kubera indirimbo Attitude yashize ahabona uno musi, indirimbo yakoranye na H Baba hamwe n’umuririmvyi Awilo longomba ari muri Tanzania muri kino gihe mu gikorwa c’ugukina ireresi.

Buri gihe mw’ihiganwa uwutwawe ikibanza ca mbere, akenshi aca anyaruka kugira ico akoze ngo barabe ko ico kibanza bakigumana, na cane cane mu baririmvyi aho kuvugwa ari ngirakamaro gusumba ibindi bintu vyose.

Mu gihe ku ruhande rwa Harmonize indirimbo yiwe yakiriwe neza, ku ruhande rwa Diamond yahoze ari shebuja, ariko banahanganye mu muziki bikomeye, haciye havugwa cane ko uwo muririmvyi yoba yaguze indege yiwe bwite, Private Jet, amakuru atagize inguvu zikomeye kuri uyu wa gatanu.

Uwugumana ikibanza ca mbere mu kuvugwa cane muri Tanzania yoba ari nde? Biracagoye kuvuga uwariwe, ariko ikizwi co nuko urwo rugamba rutiteze guhagarara na rirya Nasibu abarizwa muri Afrika y’epfo aho yagiye gukora urukurikirane rwiwe, nayo ku ruhande rwa Harmonize ibijanye n’abasohoye amasanamu yiwe ari gusa bitarota naho bihagarara.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036