IKIRUNDI_news

#Joe_Jamaicano| Ibintu 8 kugira utere imbere mu muziki

Yitwa Munganga Joshua Amani umu hinyanyuzi akongera akaba n’umuririmvyi ubu abarizwa mu gihugu ca Amerika, akaba ari naho ariko akorera ibikorwa vyiwe.
Mu kiyago yagiranye na indundi magazine avuga ko bitoroshe kuja mu gihugu c’abandi abandi ngo uharonkere izina vyoroshe. N’ubwo biri uko arahamagarira abaririmvyi kudacika intege barangwe n’urukundo bongere bahe agaciro ibikorwa vyabo mu gukunda kwanza ivyabo, akaba yagiriyeko yerekana ibintu 8 umuririmvyi yogenderako aho agira ati:”
1.Tureke kwigaya canke kwisuzugura.

 

2.Tureke gutangura indirimbo muri studio tugaca tugira ubunebwe bwo kuyirangiza.

3.Tureke kugaya ivyuwundi canke kumusuzugura, ahubwo vyoba vyiza dufatanye munda tugashigikiranira tugakorana mu rukundo.

4.Tureke kwigana abandi, Dukore cane dukure amaboko mumpuzu tube Créatif cane, tube sur ko twakoze igikorwa ciza imbere ko tugishira ahabona.

5.Twubahane hagati yacu, dukundane cane tube umwe, mukuru niyubahe muto muto niyubahe mukuru, umwe wese ntarengere akarimbi mu genzi we.

6.Tureke kwinuba ama réseaux sociaux ahubwo twige kuyakoresha neza, twige gute twokwimenyekanisha (promo ikwiye), je nama mvuga ko umusic ari ururimi mpuzamakungu rwumvirizwa n’abantu bose, yaba mbi canke nziza yumvirwa na bose, rero dukwiye gufata umwete wo .

7.Tumenye aho gushira indirimbo kugira zirabwe kuko You Tube ntikwiye dukwiye gukora promotion kuma platform yose ashoboka.

8.Ni duhaguruke dushire ibikorwa mu ngiro tukagabanya amajamabo.

Arangiza ashimira ikinyamakuru indundi kidahengeshanya kuba akaryo ko kuyaga iyo   baherereye hose ku mwe n’ abakunzi b’umuziki ndundi bose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037