BurundiIKIRUNDI_newskirundi_SportsSportUncategorized

Natation : Abaserukizi bacu bashitse amahoro

Kuva kw’igenekerezo rya mbere gushika kw’igenekerezo rya 9 Rusama 2021 muri Africa y’epfo hariko haratunganijwe ikambi y’imyimenyerezo ku bakinyi baserukira ibihugu muri Africa mu kurondera itike yo kuzokina ihiganwa rya Jeux Olympiques rutegekanijwe mu mezi make mu buyapani.

Ganira Bélly Crésus yiga muri Sénégal na Billy scott Irakoze yaje ava mu gisagara ca Bujumbura nibo baserukiye uburundi muri iyo kambi y’imyimenyerezo bakazohiganwa ku magenekerezo ya 7 na 8 Rusama kugira barondere imyanya myiza yotuma bakina jeux olympiques yimirije .

Abo bakinyi babiri bakaba bakuriye mw’ishure ryo kwoga ENAFIT ryo mu kinanira .

Billy scott Irakoze yize muri Kenya kuri kaminuza y’abanyamerika USIU rimwe mu mashure yitaho indero,ubimenyi n’inkino akaba amaze gukina inkino za jeux olympiques .

Cassien Basogomba arongoye ishirahamwe ryo kwoga mu Burundi arizeye ko abakinyi biwe bazokwitwara neza ngo kuko bamenyereye amahiganwa akomeye nkayo.

Indundi ibifurije intsinzi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 570