BurundiEnvironnementhomepageIKIRUNDI_news

Atagikozwe vuba amazi aza kubasiga mu kangaratete

Uruzi Kajeke rwarataye inzira ruca rwihereza amabarabara n’amazu, abanyagihugu  baba i Gihanga bavuga ko hamwe atacokorwa vuba, amazu ashobora kubarwako kuko amazi aguma anyengetera mu mazu yabo.

Musitanteri wa komine Gihanga asigura ko ivyo vyavuye ku mvura nyinshi imaze imisi igwa mu mitumba ihanamiye ikiyaya ca Gihanga.

Léopold Ndayisaba amenyesha ko abanyagihugu biriwe barazibira ayo mazi kuri uyu wa mbere mu bikorwa rusangi. Ashikiriza ariko ko gusibura urwo ruzi ngo rusubire guca aho gwahora ruca kera ari igikogwa komine itokwishoboza.

@Radio Isanganiro

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717