Uncategorized

Amarira y’abaririmvyi bisa nkuko ariko arahanagurwa.

Mu gihe hari haciye igihe kitari gito ibiteramo bisa nk’ivyahagaritswe mu gihugu c’Uburundi yaba abasanzwe bateramisha abantu mu bunywero butandukanye ,ivyo bita (karaoke) n’abagira ibiteramo (concert), ku mvo z’ikiza cateye isi nzima( Corona virus).

Abaririmvyi bamwe bari barafashe umwanzuro wuko iyo basohoye indirimbo nshasha baca bayikorere concert ku mbuga ngurukana bumenyi bakaryohera abakunzi babo batarinze kubonana.
Ivyo bikaba vyatuma n’agahembo kabo gaca kagorana kuboneka.

Imyidogo yari myinshi bagasaba ko nabo bobaha umwanya bakore ibiteramo kuko inzara yari mu kubicira mu nzu kandi batunze n’imiryango.

Ariko Ubu dukubitije amaso mu bibanza bimwe bimwe turabona ibintu bitanguye kugenda neza.
Abaririmvyi basa n’abasubiye ku kivi ahatari hake aho ni nko muri Ingo Club,Guerra plaza,champs elysees……..
Aho turabona bamwe bakora ama afiche bahamagarira abakunzi babo kubashigikira . kw’igenekerezo rya 21 muri ingo Club Masterland arasaba gushigikirwa mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 5 irangiye ariko arakora n’umurwi wiwe muri Master music.

Cool Band igizwe na R flow ,Olga,Gretta,Chiko….. ni kuri uwu wagatanu nuwagatandatu (14na 15) bakazoba bari kuri Champs Elyse abari babanyotewe bakaba bahawe ikaze.

Mbega vyoba bigiye kubandanya uko mugani w’abivugira ngo ico “Umwana w’Umwami aririye arakironka.”

Indundi Magazine ni Ijisho ryanyu tukazobamenyesha uko bizobandanya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55