BurundiCooperationhomepageIKIRUNDI_newspolitics

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yaganutse avuye i Kampala

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe, yaganutse kur’uyu wa 14 Rusama 2021, inyuma y’urugendo rw’imisi itatu yari amazemwo mu gihugu ca Uganda.

Evariste Ndayishimiye akaba yari yafashe urugendo kuwa 11 Rusama 2021, agana i Kampala mu birori vyo kwimika Perezida Yoweri Kaguta Museveni, vyabaye kw’igenekerezo rya 12 rusama 2021.

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi akaba yarashoboye kuganira n’Umukuru w’Igihugu ca Uganda; akaba kandi  yarahamagariye abanyamitahe bo muri ico gihugu kuzana imitahe yabo mu Burundi mu ntumbero yo kubandanya batsimbataza imigenderanire n’ubucuti hagati y’ivyo bihugu bibiri.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 720