BurundihomepageIKIRUNDI_newssecuritysociete

Reta y’Uburundi ibasaba gutegura imitima ku ngingo igiye gufatwa naho yoba ari iyo kubimura

Reta y’Uburundi isaba abantu bari bapanze amazu mu Gatumba no mu Rukaramu hanyuma agaterwa n’amazi kuja gupanga ahandi kugira itorere inyishu irama ico kibazo. Isaba kandi abanyagihugu gutegura imitima ku ngingo igiye gufatwa n’aho yoba iyo kubimura muri ico kibanza ikabatwara aho ibona hari amahoro n’umutekano.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano Gervais Ndirakobuca yabishikirije kuri uyu wa mbere inyuma y’urugendo yagize mu mazone ya Gatumba na Rukaramu muri komine Mutimbuzi ari kumwe n’abandi bashikiranganji batatu aho bariko birabira ibimaze kwononekara.

Gervais Ndirakobuca yasavye kandi abajejwe intwaro kugira intonde z’abahuye n’ivyo bibazo vy’imyuzure bataravye nkunzi, abari bapanze ukwabo n’abari mu mazu yabo ukwo nyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 718