BurundihomepageIKIRUNDI_newssecurity

Inyigisho bariko barahabwa n’ishirahamwe ryitaho abanyororo NTABARIZA barazikenguruka

Uruganda rwatunganijwe n’ishirahamwe ryitaho abanyororo n’imiryango yabo Ntabariza rwabandanije kuri uno wa kabiri mu ntara ya Gitega ku basirikare bakora mu butungane bwa gisirikare. 

Abasirikare bariko barahabwa izo nyigisho barashima ko bagiye kwunguka ubumenyi bwiyongera kubwo bari basanganywe mu bijanye no gutohoza imanza ku buryo bugezweho.

Umuhinga Ndayizeye Josias yatanze icigwa avuga ko izo nyigisho zifise akamaro kanini kuko uburyo bwo gutohoza imanza busaba ubumenyi budasanzwe narirya ubu hari ubuhinga bwa none akavuga ko ubuhinga bukoreshwa mu Burundi ari ubwa kera kuva ku ntwaro y’ababirigi ariko akagira ati burafasha kuko bica bifatana n’ubuhinga bwa none mu gutohoza.

Abandanya amenyesha ko Uburundi bufise intambamyi kubijanye n’ukubura ibikoresho vya none mu gukora amatohoza, ariko akizera ko Reta y’Uburundi izoshigikira kugira urwego rw’abacamanza hamwe n’abashikirizamanza bakore neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717