homepageIKIRUNDI_news

Umuhisi Robert Mugabe agiye gukurwa aho yari yafubwe, atwarwe mw’itongo ry’abitavye Imana ari Intwari

Umubiri wa Robert Mugabe yahoze arongoye igihugu ca Zimbabwe, ugiye gukurwa aho wari wahambwe ngo utwarwe mu kibanza cafubwemwo izindi ntwari zabohoye ico gihugu. 

Ayo makuru ashikirizwa n’itororokanirizo ry’amakuru ry’abongereza, Reuters, amenyesha ko ubutungane bw’ico gihugu inyuma y’ukwagiriza umutambukanyi w’uwo yahoze ari umukuru w’igihugu, Grace Mugabe, ko yafuvye umushingantahe wiwe mu buryo butabereye, bwategetse ko akurwa aho hantu noneho agatwarwa muri iryo tongo ry’abapfuye ari Intwari.

Leo Mugabe avugira uwo muryango, akaba yateye ivyatsi iyo ngingo nkuko uwo muryango wari wabikoze igihe Mugabe yitaba Imana, aho hari mu mwaka wa 2019, aho umukuru w’igihugu wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa yasaba ko Mugabe yahoze atwara ico gihugu yofubwa muri iryo tongo ry’abasandavye ari INtwari z’igihugu.

Robert Mugabe akaba ari mu bagwaniye ukwikukira kw’ico gihugu, imbere yuko afata ubutegetsi mu noneho akamara imyaka 39 atwara ico gihugu.

https://youtu.be/PNBvJk4N7Ec

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686