Umukinyi w’inyuma w’umugwi Paris Sait Germain yo mu Burafansa Thilo Kehrer yashoboye gutanguza Umugambi wo gufasha urwaruka rw’u Burundi .
Mu ntumbero yo gufasha urwo rwaruka rw’Uburundi yaciye atanguza ibikorwa vyo kwubaka ikigo ciwe bwite mu ntara ya Gitega .
Ico kigo kikazoba arico kugarukira ku rwaruka rukunda gusahiriza mu kwishura inyota y’urwaruka mu bijanye n’imico , inkino no kwubaka ubumenyi mu vy’akazi .
Ivyo bikorwa vyo kwubaka ico kigo bikaba vyatanguriye mu ntara ya Gitega ku murwa Mukuru wa Potike .
Mwomenya ko Thilo Kherer nyina wiwe afise Amamuko hano mu gihugu cacu mugihe se wiwe afise amamuko mu gihugu c’Ubudagi.