homepageIKIRUNDI_news

Umudereva yakoze ibiterasoni mu ndege ariko aratwara

Muri leta zunze ubumwe za amerika, uwahoze ari umudereva w’indege yaciriwe urubanza n’ubutungane bwo muri leta ya Maryland ku caha c’ugukora ibikorasoni ariko atwara indege.

Uwo mudereva w’imyaka 60 y’amavuko yahanishijwe icaha c’ugufungwa icamaso mu kiringo c’umwaka n’ihadabu ry’amafaranga 5000 $. Urwo rubanza rukaba rumuciriwe inyuma y’amezi hafi 9 akukurutse inyuma y’imyaka 27 atwara indege.

Ico caha yagirizwa, uwo mudereva yagikoze mu mwaka wa 2020 mu kwezi kw’8, imbere gato y’ugushikiriza akazi. Ico caha uko cakozwe nkuko inkuru dukesha BBC ibishikiriza, ngo yakuye impuzu n’ibigirankana mu gihe indege yari imaze kugera mu kirere neza. Ukwo gukura impuzu kwahavuye gukurikirwa n’ukuraba amashusho y’urukozasoni yari mu nyabwonko yiwe yarafise uwo mwanya.

Ivyo bikorwa biteye isoni yabikoze arikumwe n’uwundi mudereva w’umugore ngo ryari n’irya mbere babonanye, imbere yuko bafatana urugendo. Ubutungane bukaba bwashikirije ko uwo mugore atarakwiye gukorerwa ayo mabi kandi ari mu kazi, kanatsinda we ngo ntaco yagirizwa kuko we yabandanije gutwara indege nkuko yariko arabikora.

Uwo mudereva yamenyekanye ku mazina ya Michael Haak yarasavye imbabazi akoresheje amasanamu (Video), ariko akaba yanamenyesheje ko ivyabaye bari bavyumvikanye n’uwo mudereva mugenziwe, akaba atibaza ko ivyo bizohava bishika kure gose.

Naho yahanywe n’ubutungane, ishirahamwe ry’indege Soutwest  Airlines rikaba naryo ryamenyesheje ko ridashobora kwihanganira iyo nyifato, aho rimenyesha ko naho ryamenye ayo mabi inyuma y’uko uwo mugabo aviriye ku kazi ku bushake bwiwe, ngo baciye bahagarika uburusho bwose bwahora buhabwa uwo mugabo kubera ikukuruka ryiwe.

Mwomenya koi co caha cakozwe igenekerezo rya 10/8/2020, ico gihe indege yariko aratwara yariko iva muri Philadelphie yerekeza muri Orlando.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686