BurundiCooperationhomepageIKIRUNDI_news

Ibiro vy’intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi vyugawe

Ibiro vy’intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi vyugawe, kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 31 Rusama 2021, nk’uko vyari vyasabwe n’Uburundi.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu n’ugufashanya mw’iterambere yavuze ko kwugara ivyo biro bidasigura ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ihagaze. Isidore Ntirampeba yamenyesheje ko gufashanya bigiye kubandaniriza mu bindi bisata vy’iterambere.

Isidore Ntirampeba amenyesha ko umwitwarariko wa ONU ku Burundi ku bijanye n’amahoro n’umutekano urahavuye kuko amahoro n’umutekano bihari.

Mwomenya ko ibiro vy’iyo ntumwa vyari vyashizweho na ONU nk’ijisho ryayo inyuma y’ibihe igihugu caciyemwo mu mwaka w’2015.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721