homepageIKIRUNDI_news

Abashinwa bemerewe kuvyara abana bashika kuri 3

Itegeko ry’ukuvyara umwana umwe gusa ryashinzwe mu mwaka wa 1979 kugira abantu bareke kuguma bagwirirana cane, ryarahindutse mu 2016 hatorwa irindi ryaha uburenganzira abubakanye kuvyara abana 2 gusa. Iryo tegeko riheruka naryo guhindurwa inyuma y’imyaka 5 gusa, ubushinwa bwemeye ko abubakanye bashobora kuvyara abana 3. 

Iryo tegeko ryahinduwe ngo barabe ko abana bavuka buri mwaka borushirizaho kuba benshi, ngo ntirishobora kugira ico rifashije muri urwo rugamba, kubera imvo zitandukanye zirimwo ubuzima buzimvye muri ico gihugu ku bana.

Nkuko bishikirizwa n’abatari bake mu bahinga, ngo iryo tegeko rishobora kugira ico ruhinduye, ariko ngo bizoba ivy’igihe gito cane, nkuko vyagenze mu mwaka wa 2016 bahindura bwa mbere iryo tegeko. Mu myaka 2 gusa niho habonetse iduga ry’ibitigiri vy’abavuka.

Ibiharuro vyerekana ko abana bangana n’imiliyoni 12 aribo bavutse muri ico gihugu, mu gihe mu mwaka wa 2016 hari havutse imiliyoni 18. Ico gitigiri kikaba arico gito cane kuva mu mwaka wa 1960.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686