IKIRUNDI_news

 Kigingi yoba ariwe mu comedien wa mbere hano iwacu?

Abiyumvira kumwe na Minouche ko Mugenzi Alfred Aubin benshi bazi nka kigingi atwara ikibanza ca mbere mu basanzwe bakora umwuga w’ugutwenza abantu hano iwacu, muri kino kino gihe si bake. Ariko kubwa Kigingi ngo nta higanwa rirahaba kugira haboneke uwuri mu kibanza ca mbere. 

Mu kiyago na Minouche, uwo mukinyi w’amareresi atwenza abantu avuga ko hari abatari bake batamufata nk’uwubatwenza, mbere bakanabimubwira. Ariko naho biruko, hari abatari bake ashima ku nyota.

Muri ico gikorwa ciwe, abatari bake bamushimira ngo nta banga atse ry’akabirya akoresha kugira ico gikorwa ciwe kigende neza, nkuko yabiyagiye uwo mwigeme, yagize ati : “Ibanga ntana rimwe rihari, none we wovuga ngo ibanga n’irihe?”. 

Kuri Micro za Magic Channel Tv, Kigingi yavuze ko uko akora, bigatuma abantu batari bake abashikiriza ibiteye igomwe. “Jewe ngerageza kuba jewe, sinshaka gukina ivy’uwundi, canke kwigana aandi, hama Imana ikampezagira, abantu bagakunda ivyo nkora, basi. Kandi nshima Imana ngashimira n’abantu ababishima. Nta banga rihari.” 

Mu biganiro bitari bike uwo muririmvyi ahora akora, akaba yama amenyesha ko muri uwo mwuga bakora harimwo imice myinshi bituma bitoroha kubona uwuri mu kibanza ca mbere, n’uwuri mu kibanza ca kabiri, kuko mu mice yose y’uwo mwuga ngo abarimwo bose bakora akazi keza kandi gateye igomwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037