BurundiBusinessDevelopmenthomepageIKIRUNDI_news

Umushikiranganji wa mbere CPG Alain Guillaume Bunyoni yuguruye icese ihayanisha-gurishwa

Hari kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 1 Ruheshi 2021 ahari haramutse hugururwa icese gukora ku mugaragaro ihayanisha-gurishwa ry’ibidadazwa bihingurirwa mu Burundi mu kibanza kiri imbere y’ikibuga c’umupira w’amaguru Stade Intwari.

Uretseko hariho abategetsi batandukanye n’abaserukizi mubisata bitandukanye vya Reta n’umushikirangaji wa mbere CPG Alain Guillaume Bunyoni yari yahishikiye.

Mu majambo yashoboye kuhavugirwa benshi bahamagarira umurundi gukura amaboko mu mpuzu yoye kwama yiteze gusa akazi ka Reta nyabuna yijukire uburimyi n’ubworozi vyo mushinge w’iterambere.

Icivugo c’uyu mwaka kikaba cari: “Turwize akazi n’amashirahamwe y’abikorera ivyabo tubicishije mu guha agaciro ivyakorewe mu Burundi.”

Abarundi benshi bavyitabiriye aho mu bibanza bitandukanye twagiye dusanga ibikoresho nkenerwa vya misi yose bikozwe muri plastique bisigaye bihingurirwa mu Burundi akarorero ni nk’ibikombe, ama bassins nindi vyinshi tutodondagura ngo duheze, ibifungurwa, imiti, ikawa ihingurirwa aha iwacu, amashirahamwe afasha mu kwunguruza ibintu mu makungu, abafise ivyambarwa bakora bakoresheje intoke zabo , hadashijwe inyuma ibuvuye mu burimyi n’Ubworozi kumwe n’ubuhinga bwo gukoresha amaboko.

Iryo hayanisha-gurishwa rikaba ritegekanijwe kuzorangira itariki 5 Ruheshi 2021, abaritavye bakabahamagarira kwishikira mwirabire ivyiza vy’Uburundi bihingurwa n’abarundi na rirya n’abaririmvyi batibagiwe uhashitse baguteramisha bikora mu hago

Mwomenya ko ibikorwa bijanye n’ihayanisha-gurishwa ko bizokwama biba uko umwaka utashe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721