IKIRUNDI_news

Franck Duniano agiye gushira ahabona urukurikirane yise “Stand”

Urukurikirane rwitwa rushasha rwa Franck Duniano ariko rubonekamwo indirimbo zitari nke zari zimaze gushirwa ahabona, rugiye gushirwa ahabona. Urwo rukurikiranr rukaba ruziba rugizwe n’indirimbo 15, rukazitwa Stand. 

Uretse Franck ari nawe nyene urwo rukurikirane, abaririmvyi nka Detty Darba, Channy Queen, Kiki Toure, Vichou Love, Sat-b, Slay,Akes Don, Big Fizzo, Double Jay na Mack dady nibo bakoranye izo ndirimbo ziboneka muri urwo rukurikirane.

Ntiharamenyekana neza igihe urwo rukurikirane rwa Franck ruzoshirirwa ahabona, ariko we akaba yamenyesheje akoresheje imbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha ko Vuba Cane agiye kurushira ahabona, akaba yabasavye ko boba baraja gukora Subscribe ku rubuga rwiwe rwa Youtube.

Akaririmbo ka nyuma yaheruka gushira ahabona akaba ari akaririmbo Tilalila yakoranye n’umumenyeshamakuru akaba kandi n’umuririmvyikazi Adijoe. Uwo nyene ari n’umukunzi wiwe banafitanye n’umwana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037