Inkino

# Indundi Sports | Umugwi New Oil wahawe ikibanza na Athletico Academy.

Amakuru ahejeje gushikira Indundi Sports muri kano kanya ni uko umurwi New Oil wari usanzwe uri mu cicaro ca kabiri wagujije ikibanza na Athletico academy nk’uko abakinyi ba Athletico baraye babimenyeshejwe ko ubu uwo murwi wimukiye mu ntara ya Muyinga.

Ayo makuru akaba yemezwa n’uburongozi bwa New Oil ndetse na bamwe mu bari muri Athletico Academy.

Athletico Academy ni umwe mu mirwi ya kera yari ikomeye yigeze guserukira igihugu cacu mbere ukaba waramuye benshi mu murwi nserukiragihugu.

Mwomenya y’uko umurwi New Oil ariwo ugiye kwitwa Athletico Academy. Mu mwaka uheze warananiwe kuduga mu cicaro ca mbere aho watsinzwe mu rukino rwa nyuma na Les Crocos wo mu Rumonge.

Intara ya Muyinga ubu rero ifise imirwi ibiri mu cicaro ca mbere (Olympic stars na Athletico academy).

Niyibiziko Appolinaire Ismael niwe azoramutswa Athletico Academy biranashoboka ko uwo murwi mu myaka iza wosubirana izina rya New oil .

Ishirahamwe new oil rikora mu bisata vyo kuzana igitoro bakanakidandaza mu ntara icenda ziri mu Burundi. Hambavu y’umurwi New oil basanzwe bafise n’umurwi wo gusiganwa n’imodoka Rallye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037