AgricultureBurundiDevelopmenthomepageIKIRUNDI_news

#Gitega-Bugendana : Bahagurukiye kurwanya imiriro ya Nyakanga

Uburongozi bwa komine Bugendana iri mu ntara ya Gitega bwarahagurukiye kugwanya imiriro ya nyakanga kuko basanze imiriro ibangamira umugambi wo gukingira ibidukikije “Ewe Burundi Urambaye.”

Nk’uko bivugwa na Ntakarutimana Saul umuhanuzi wa Musitanteri ajejwe intwaro n’iterambere muri komine Bugendana ngo babikora mu ntumbero zibiri. Ubwa mbere baragwije amatuta mu manamba babifashijwe n’abafundi b’indimo ba komine, ubwa kabiri ngo baraciriye imiciro ku bitara vyose ariko ngo naho biruko bashira imbere guhimiriza abenegihugu kugira bavavanure n’ingendo yo kwatsa imiriro mu mashamba.

Ntakarutimana Saul abandanya amenyesha ko aborozi bovavanura n’ingendo yo guturira imiriro bibaza ko bazoharagira ibitungwa vyabo, nayo abarimyi b’ibitunguru bayora umunyota ngo bobireka kuko bobo bazofatwa nk’abaturiye uyo muriro.

Agasaba rero n’abarimyi b’imiceri kudaturira ibisigazwa vy’imiceri nyabuna babigurishe kuborozi b’inka kugira baharonkera agafaranga bifashisha. Ntakarutimana arangiza asaba abenegihugu bo muri komine Bugendena kubandanya bakingira imyonga barimamwo muri kino gihe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721