BurundiDevelopmenthomepageIKIRUNDI_news

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye ati :”Jewe ndibaza ko iryo shirahamwe ritazosubira kuronka isoko mu Burundi”

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye aranegura inyifato y’abari bajejwe kwubaka urugomero rwa Kajeke i Bubanza, aho rwatanguye kwubakwa kuva mu mwaka wa 2010 gushika uwu mwaka wa 2021 rukaba rutarahera mbere n’ivyubatswe bimwebimwe bikaba bitanguye kubomoka bitarashikirizwa icese.

Mw’ishirahamwe BETCO batsindiye isoko ryo kwubaka urwo rugomero rwo kuvomera imirima ya Gihanga na Mpanda, bamenyesha ko vyari bitegekanijwe ko rwubakwa mu mice itatu, umuce wa mbere wararangiye gushika mu mwaka wa 2016 ariko kuva uwo mwaka ntacasubiriye gukorwa ngo kuko ubushikiringanji bujejwe ibidukikije ari nabwo bwakurikirana ico gikorwa butasubiriye kubikurikirana, nk’uko bimenyeshwa na Egide Hamenyimana aserukira iryo shirahamwe imbere y’amategeko.

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye agira ati : “Jewe ndibaza ko iryo shirahamwe ritazosubira kuronka isoko mu Burundi ” Arongera agatangazwa n’ukuntu ahatanguye kubomoka, hari hubakishijwe ivyuma bidashemeye.

Umukuru w’Igihugu akaba yamenyesheje ko agiye gushinga umugwi uzokurikirana ico kibazo hanyuma umushikirize icegeranyo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721