BurundihomepageIKIRUNDI_news

Ubutumwa bukarishe bwa DJ Jackson ku musi hibukwa Urupfu rwa Nyakwigendera H.E Pierre Nkurunziza

Nyakwigendera H.E Pierre Nkurunziza ngo imyaka 15 yatwaye igihugu c’Uburundi, yarabaye iy’ibihuhusi gusa, ariko umutima w’ubuntu ntiyawutakaje, kuko Ugusenga kwiyegereza abantu, Ukurima hamwe n’ugukunda umupira bitigeze bimuvamwo. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Jackson Bucumi akaba Manager wa Bukiv Label. 

Mu butumwa yashize ku rubuga rwiwe rwa Facebook, yagarutse ku myaka itari mike yaranze ubuzima bwa Nyakwigendera, gushika Umukama yamuduhaye akamukunda kudusumba amudukuyemwo.

Jackson abarizwa ku mugabane wa buraya uno musi, muri ubwo butumwa butari buto bwashimwe n’abatari bake yavuze ko uwo mutware Imana yajeje igihugu imyaka itari mike yamubereye icirwa gikomeye.

Jackson yanagiriye ahumuriza abatabona kumwe intwaro y’iyo ntwari igiye kuza yibukwa buri mwaka igenekerezo rya 8/6, umusi uhura neza neza n’umusi yasezera isi y’abazima, aho avuga ko igihe kimwe Abarundi bazoyaga noneho bamenye ukuri.

Jackson yagize ati : ” Umwaka urarumanye uyu Mugabo, uyu Mushingantahe avuye kw’isi y’abazima. 

Burya tutavuye kw’isi tuzigera duhagarika kwiga kweli!

Uru rupfu ni rumwe muzambabaje ariko kandi runsigira n’ISOMO rikomoye: Aha kw’isi si iwacu. Aha kw’isi s’ahabeza! 

Kuki?

Uyu mugabo yatwaye Uburundi nkuze. Nciye ubwenge. Kuva 2005 ntiyigeze yorohegwa nanaburya uBurundi bwari buvuye mu bihe bikomeye vy’indyane zishingiye cane cane ku butekamutwe bakunda guhoma ku moko!

2007, 2009, 2010, 2015…yahuye n’ibibazo bikomeye! Ariko yagumye ari umuntu azwi cane ku gusenga, gukunda sport ⚽️, kurima no kwiyegereza abantu bato bato! 

Ngaho 2020 afashe ingingo yo kutitoza. Biranezeeeeeeeera. Mvuga nti azoca yibera mw’ituze aruhuke inyuma ya marathon iraho y’imyaka 15 itoroshe na gato. Nagumanye iyi sura mu mutwe yo kubona Nkurunziza yibereye mw’ituze! Papa w’abana. Pasitori. Umuhanuzi. Umwubahwa quoi! 

Ngo ngwiki?? Ituze 😁!!! Kw’isi? Neda! Aho kuba ivyo, vyabaye ivyo tuzi twese! 

Ndazi ko benshi tudahuriza ko yatwaye uburundi neza. Kuko hari ababuhunze. Ariko igihe nikigera Abarundi tuzoyaga ukuri. Tumenye umuzi wa ririya shano. ” 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717