IKIRUNDI_news

Na Esther Nish yasabiwe nka wa muliyoni Bobona yemereye Kirikou Akili

 Inyuma y’ukwemerera umuririmvyi Kirikou Akili agashimwe k’amafaranga 1,000,000 kubera Slam yakoze akorera umuhisi Nyakubahwa Petero Nkurunziza, Bobona nawe yatanguye guhundwa amashimwe ava hirya no hino mu bakunzi b’iyo Slam.

Mu babashije kubishikiriza muri Commentaire kuri Facebook y’uwo muririmvyi, abatari bake bamukeje banaboneraho akaryo ko gukeza uwitwa Epherm Nduwimana nawe ari mu bagize ico bakora ngo ako gashimwe kaze kaboneke. Aho ni hampande y’abatari bake barimwo aba bloggeurs, abaririmvyi bagenziwe babashije nabo kubisangiza ababakurikira.

Muri abo nyene bagize ico bavuga kurico gikorwa hakaba harimwo n’abagiriyeko nabo bashima kumushimira mu kumugurira ico kunywa, kuko ngo ari umuntu w’intore ku gikorwa ciza akoze. “Bobona Baguhe Nanje Red Wine, Bill is mine, Our country first … Burundi bwacu ntawuzobudukundira mu kibanza cacu…. Ur’umuntu w’umugabo Mwubahwe caaane ku gikorwa ciza mukoreye uwo mwana w’Umurundi.” Bishikirizwa n’uwitwa Igiraneza yagize ico ashikiriza kuri urwo rubuga rwa Facebook rwa Bobona.

Ariko naho biruko, hari n’abasabiye umuririmvyikazi Esther Nish nawe kugira ico ahawe nkuko Kirikou yahawe, kubera indirimbo aheruka gukora yise Come and See aho yagaruka cane ku bwiza bw’igihugu cacu.

Mwomenya ko Bobona mu butumwa yatanze, yamenyesheje ko ico gikorwa co gushimira abaririmvyi bitaho igihugu cabo kizobandanya gikorwa, naho atamenyesheje urugezo bizoza bikorwako, canke ivyo bazofatirako mu kugira bagire uwo bashimira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036