BurundihomepageIKIRUNDI_newssocieteyouth

Abavyeyi bakoresha abana mu kubasegesha bagiye guhagurukirwa

Abavyeyi bakoresha abana mu kubasegesha hamwe n’abana bikura mu miryango bakaja gusega, bagiye gufatirwa ibihano hamwe batokwumvira impanuro zo kuvavanura n’izo ngeso igayitse.

Umushikiranaganji ajejwe agateka ka zina muntu yabishikiririje kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 16 Ruheshi 2021 mu birori vyo guhimbaza umusi wahariwe umwana wa Afrika, umusi wo kwibuka abana b’i Soweto muri Afrika y‘epfo bishwe mu mwaka wa 1976, bariko baharanira agateka kabo

Ivyo birori bikaba vyabereye muri site Sobel muri zone Maramvya komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura, ahari abateshejwe izabo n’imyuzure mu karere ka Gatumba na Kajaga.

Umushikiranganji Imelde Sabushimike yamenyesheje ko Reta izokwama ikora ibishoboka vyose kugira ikurikiranire hafi abana biciye mu gufasha imiryango ikenye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 719