BurundihomepageIKIRUNDI_newsMédias

Bemerewe gusubira gukorera ku butaka bw’Uburundi

Kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 16 Ruheshi 2021, urwego rujejwe gucungera ibinyamakuru mu Burundi CNC rwahagaritse ibihano vyari vyafatiwe iradiyo y’abongereza BBC hamwe n’ikinyamakuru gikorera ku buhinga ngurukanabumenyi Ikiriho.

Icegera c’uwurongoye uwo murwi CNC Laurent Kaganda yamenyesheje ariko ko iradiyo y’abongereza BBC isabwa gusubira gusaba uburengenzira bwo gukora kuko ubwa mbere yari yabwatswe.

Laurent Kaganda asaba ikinyamakuru Ikiriho kwirinda gukora amakosa yatumye gifatirwa ibihano.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717