EducationhomepageIKIRUNDI_news

#Ikiyago : Inkebuzo ku banyeshure buca baja mu buruhuko

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 25 Ruheshi 2021, abavugizi b’intezego zitandukanye zigize Reta y’Uburundi baramutse baremesha ikiganiro ku bamenyeshamakuru no ku benegihugu ku murwa mukuru w’intara ya Makamba.

Mu ntangamarara, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Evelyne Butoyi yashikirije indamutso z’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aho ashimira abantu bose bitanga kugira amahoro n’umutekano bitsimbatare.

Umukuru w’igihugu arashimira kandi abenegihugu bitavye akamo ko kuja ku kivi kugira ngo koko ca civugo “umunwa wose uronke ico ufungura umufuko wose uronke amafaranga” kije mu ngiro.

Perezida Evariste Ndayishimiye aripfuriza akaruhuko keza abanyeshure buca bajamwo akanabahamagarira kuzofasha abavyeyi ntibishinge kuryamira, akanabahamagarira kandi kwijukira kuja mu makoperative yo ku mitumba baba kugira ngo bazoheze amashure bafise ico bakora.

Umukuru w’igihugu ahamagarira kandi abenegihugu kudasamara babandanye bakorera muri ya nyabune maze ca civugo “umunwa wose uronke ico ufungura, umufuko wose uronke amafaranga” kije mu ngiro koko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 687