Ugutsindwa n’umugwi Messager Ngozi mu rukino rwanyuma rw’igikombe citiriwe umuhisi Petero Nkurunziza nivyo bitumye Uburongozi bwa Flambeau du Centre buhagarika Omar Ntakagero mu mabanga yo kumenyereza uwo mugwi .
Amakuru ahejeje gushikira Indundi Sports ni uko kuva kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 27 Ruheshi 2021, Omar Ntakagero yari yamaze guhagarikwa muri uwo mugwi .
Ntawuramenya ko yoba yahagaritswe ari kumwe na Staff yiwe canke iyo Staff yoba yagumijwe muri uwo mugwi .
Omar Ntakagero mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2020-2021, yafashije Flambeau du Centre kurangiza ihiganwa uri mu kibanza ca 2 , yatsinze inkino 16 anganya inkino 6 atsindwa inkino 8.
Bikavurwa ko uwushobora kumusubirira ari umumenyereza w’umunyamahanga ( Umuzungu).
Mwomenya ko mu nkino zitatu Umugwi Flambeau du Centre washitse muri Finale watsinze Urukino rumwe gusa rwa Coupe de l’unité , urukino rwanyuma rw’igikombe c’umukuru w’igihugu hamwe n’urukino rwanyuma rw’igikombe citiriwe Umuhisi Nkurunziza zose ikaba yarazitakaje.