BurundiDiasporadiaspora eventsIKIRUNDI_news

#Tuvugane: Amasaha aharurwa ku ntoke kugira abarundi bari muri America batangure ibirori

Mugihe iguhugu c’Uburundi citeguriye guhimbaza imyaka 59 iheze cikukiye, abarundi bari muri Amerika barateganije kwifatanya n’abandi kuri uwo munsi utoroshe.

Igiteramo categuwe n’ishirahamwe “Tuvugane” risanzwe rifise ibiro bikuru mu gisagara ca Louisville muri Leta ya Kentucky.

Iryo shirahamwe risanzwe rijejwe guhuriza hamwe urwaruka rw’abarundi muri Amerika hamwe no guhimiriza iterambere ry’igihugu c’Uburundi.

Abarongozi b’ishirahamwe Tuvugane bategekanije igiteramo c’iminsi itatu hagati y’igenekerezo rya 2 nirya 4 Mukakaro 2021. Abazoba bashoboye kuhashika ku munsi wa mbere w’igiteramo bazoteramira mu kirori citswe “Ijoro i Bujumbura” categuriwe abipfuza kuganira no kumenyana.

Umunsi ugira kabiri uzogira ibice bibiri bitandukanye. Mugice ca mbere hazoba inama izohuza abarundi baba muri Amerika kugira ngo bahanehane ubumenyi butandukanye. Ijoro rigira kabiri naryo ryateganirijwe “Ijoro i Gitega” aho ababishoboye bose bazokwifatanya n’abarongozi ba Tuvugane mu gushimira abarundi bakoze ibintu bikomeye mur’iyi myaka y’ikiza ca COVID 2020-2021.

Mu gusozera ibirori ku munsi wanyuma, hategekanijwe “barbecue” hamwe n’igiteramo ca nyuma ciswe “Ijoro mu Rumonge.”

Abakeneye amatike yo kw’injira mu birori bitandukanye borondera kuri www.tuvugane.info. Murashobora kandi kurondera amakuru ajanye nibizohakorerwa k’urubuga rwa Instagram ya Tuvugane. Abashoboye kwiyandikisha imbere y’igihe bazoshikirizwa bazomenyeshwa urutonde rukwiye rw’ibizoba muri ico giteramo.

Muratumiwe rero mwese kwitabira ico giteramo no kwifatanya n’abandi barundi bo muri Amerika mu kwibuka ukwikukira kw’igihugu cacu.

Amakuru dukesha:Nezia Munezero Kubwayo

What's your reaction?

Related Posts

1 of 303