BurundiCooperationhomepageIKIRUNDI_newsRwanda

Perezida Paul Kagame afise icizere ko bazobonana na mugenziwe Perezida Evariste Ndayishimiye

“N’ubwo bitakunze ko nshika i Bujumbura kur’uyu wa 1 mukakaro 2021, ndizera neza ko tuzoronka akandi karyo ko kubonana na Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE kugira ngo tubandanye turabira hamwe ibijanye no gutsimbataza imigenderanire hagati y’ibihugu vyompi.”

Ivyo tubisanga mu butumwa Umukuru w’Igihugu c’Urwanda Paul Kagame  yarungikanye Umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu yari yaje kwifadikanya n’abarundi guhimbaza umusi mukuru w’ukwibuka imyaka 59 iheze Uburundi buhabuje intahe y’ukwikukira kuri uyu wa mbere Mukakaro 2021.

Mwomenya ko abo bakuru b’Ibihugu bompi uko ari babiri bariko berekana ishaka ridasanzwe ryo kunagura imigenderanire yari amaze igihe kitari gito yaratosekaye

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721