Inkino

Ng’iri ibanga yakoresheje kugira atangure kaminuza ku myaka 16

Umukinyi w’umusatirizi w’umugwi Messager Ngozi Dr Raoul yatubwiye ibanga yakoresheje kugira atangure kaminuza afise imyaka 16.

Mu kiganiro yakoranye na Indundi Tv Dr Raoul yavuze y’uko icoba catumye atangura kaminuza akiri muto ari ubukerebutsi bwiwe , ikindi naco kw’ishure ngo ntivyamugora kuko ata n’inguvu yabishiramwo.

Raoul Vyamungu akaba ariwe mukinyi wa mbere w’umurundi tuzi yize kaminuza imyaka 7 mu gisata ca Médecine .

Mukiganiro yakoranye na Indundi Tv yavuze y’uko Bumamuru yari yamurondereye akazi k’ubuvuzi ninayo mpamvu atazokwigera yibagira ibihe vyiza yagize muri uwo mugwi .

Mwomenya y’uko Raul Vyamungu ariwe musatirizi yafashije Bumamuru Fc gutsinda Flambeau du Centre mu rukino rwa nyuma rwa finale rw’igikombe c’umukuru w’igihugu rwabahuje na Flambeau du Centre agikina muri Bumamuru aho yinjije ibitsindo bibiri wenyene muri 3 kuri 1 Bumamuru yinjije.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037