Umuzo w’umushikiranganji wa mbere w’Urwanda I Bujumbura ku musi w’ukwikukira kw’abarundi, woba wugururiye inzira za Bujumbura-Kigali zari zimaze imisi zitameze neza, kuko hari abanyarwanda bakomeye bitezwe I Burundi mu misi ya Vuba.
Hampande ya Ngabo Medard [Meddy] na Mbabazi Shadia [Shaddy boo] bari batumiwe ariko ntibabasha kwitabira ubutumire bari bahawe, Israel Mbonyi afise n’amaraso y’Abarundi n’umukinyi w’amareresi atwenza azwi nka Ndimbati bo bashobora kuzoza I Bujumbura mu biteramo bateguriwe.
Ndimbati akaba ariwe yitezwe Vuba kuko azokorana na Mugenzi Alfred Aubin [Kigingi] mu giteramo Kigingi Summer Comedy gisanzwe gitegurwa buri mwaka hano iwacu, aho hama hariho abatumire batandukanye.
Nayo Israel Mbonyi we akaba yitezwe indwi 1 inyuma ya Ndimbati kuko we azokora hagati muri uku kwezi kwa 8 mw’ihayanishwa rizoba ryatunganijwe ku matariki ya 13,14 na 15 muri ukwo kwezi nyene.
Uwundi munyarwanda ashobora kuzoza hano iwacu ni Bruce Melodie. Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 19/7 yamenyesheje ko ariko arategura uruhererekane rw’ibiteramo kw’isi, mu bihugu vyahiswemwo n’uwo muririmvyi wa Saa moya, harimwo Uburundi. Ntaramenyesha umusi azohakorera igiteramo, kuko amatariki y’urwo ruhererekane ntarayashira ahabona.
Mwomenya ko I Kigali ibiteramo n’ibindi bikorwa vyo kwidagadura bimaze hafi imyaka 2 vyugaye kumvo z’ikiza ca Covid-19 yateye, aho Leta y’ico gihugu iriko ikora ibishoboka vyose ngo ibashe kugwanya ico kiza gisinzikaje isi muri rusangi.