IKIRUNDI_news

Agashimwe ka BET ngo sico cari kijanye Diamond muri Amerika

Umuco watanzwe ku mpamvu ivyabaye kuri Diamond muri Amerika vyateje uruhagarara ku mbuga ngurukanabumenyi muri Tanzania. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Babu Tale ubwiwe aho yari yaramutse yitabira ikiganiro Dizzim Morning.

Muri ico kiganiro, uwo mugabo aheruka gutorwa nk’umushingamateka muri Tanzania, yamenyesheje ko bari basanzwe bazi ko batagiye gutora agashimwe, kuko hari ibisabwa bataruzuza, ariko ngo nibasubirayo akavumbi kazotuma.

Icari kibajanye nkuko yabandanije abiyagira abamenyeshamakuru, yavuze ko ari ukuja kurondera inzira nshasha muri Amerika, ariko kandi no gukora ku ndirimbo z’uwo muririmvyi wiwe ziri mu rukurikirane bariko barakora haraheze imisi itari mike.

Ariko rero kuko bari bazi ko ataco bagiye gutahana, ngo barakenyuye ivyabo kugira bavugwe, kuko ngo ntibari kubura vyose. Hon. Babu Tale yavuzeko arico gituma bahisemwo kwambara ibitandukanye n’abandi gutyo, kugira abashe kuboneka mu bandi bose.

Muri ico kiganiro, uwo mugabo akaba yamenyesheje ko ivya babonye n’ivyo bumvise vyaberetse inzira nziza zo gucamwo kugira bikunde ko ako gashimwe batwawe n’abanya Nigeria mu mwaka uza canke uwukurikira nabo baze bagatahane.

Mwomenya ko uwo muririmvyi yavuzweko ibitari bike, birimwo ko yasubiye muri Tanzania yinyegeje, kuba yari yambaye umwambaro w’abagore b’aba Masai, n’ibindi vyinshi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037