BurundihomepageIKIRUNDI_news

Abafise ico bazi ku bwicanyi bwo mu 1972 mu gisagara ca Bujumbura bahamagarirwa kubishikiriza umurwi CVR

Amakomine yose agiye kuronswa udusandugu abantu bazocishamwo ico bazi ku bwicanyi bwabaye mu 1972. Igikorwa co gutohoza no kuzura ibisigarira kizotangura ku wa 27 Mukakaro 2021 mu gisagara ca Bujumbura, itanguzwa ry’ico gikorwa rikazobera muri zone Ngagara, hafi y’ikigo ODECA cahoze ari SODECO kuri Zion Temple.

Bishikirizwa na Ambassadeur Petero Karaveri Ndayicariye, umukuru  w’umurwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha hari mu nama yahuje uwo murwi hamwe n’abajejwe intwaro mu gisagara ca Bujumbura, kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 22 Mukakaro 2021 muri Hôtel de Ville.

Petero Karaveri Ndayicariye asaba abajejwe intwaro gutegura ikibanza c’imfatakibanza co gushiramwo ibisigarira bizotorwa muri ico gisagara nk’uko bimaze imisi bikorwa mu ntara zo hagati mu gihugu.

Bamwe mu bitavye iyo nama babajije igituma uwo murwi wibanda ahanini ku bwicanyi bwabaye mu 1972 gusa nawe abishura ko  ari kubera muri uwo mwaka ariho hakomeretse abantu benshi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717