BurundiDevelopmentDiasporaDiaspora OrganizationshomepageIKIRUNDI_news

Rdio CDN, Ijwi rya Cibitoke : Diaspora iriko irafasha mu gukwiragiza amaradiyo hagati mu gihugu

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 Mukakaro 2021, haramutse hugururwa icese Radio CDN, Ijwi rya Cibitoke ikorera mu ntara ya Cibitoke, Komine Rugombo ku Mutumba wa Cibitoke nyene.

Ibirori vyatangujwe na Marie Chantal NIJIMBERE umushikiranganji w’ugutumatumanako amakuru aho yuguruye icese iyo radio mugutabura igitambara.

Hakurikiye ibirori nyezina bikaba vyabereye kuri stade ya Cibitoke, aho Buramatari wiyo ntara OPC1 Carème BIZOZA yahaye ikaze abashitsi bose.

Ivyo birori bikaba vyatewe iteka n’abanyacubahiro batandukanye harimwo Umukuru w’Abarundi baba mu mahanga ku rwego rw’isi yose, Japhet Legentil Ndayishimiye,  Umukuru w’Abarundi baba mu mahanga bo mu ntara ya Cibitoke, Buramatari wa Cibitoke, n’abandi.

Mwomenya ko iradiyo CDN Ijwi rya Cibitoke isanzwe isamiranira kuri Mhz 97.0, ikaba isamiranira mu ntara 13 zigize igihugu, eka n’abari hanze y’igihugu bashobora kuyumviriza baciye kuri www.radiocdn.org.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 731