IKIRUNDI_news

Double jay:Vuba agakemanyi kambere kuva ava muri Bantu Bwoy karaja ahabona

 

Mugisha j junior niyo mazina yahawe n’abavyeyi akabazwi kw’izina rya Double Jay akaba yamuka mu Ntara ya Gitega.

Ubuheruka mu kiganiro yari yahaye abanditsi n’abamenyesha makuru
ntiyashimye ko bosubira kumubanza impamvu zatumye ava muri Bantu Bwoy,
Gusa yarabemereye ko hari vyinshi yungukiye muri uwo muryango nubwo batakirikumwe.

Intumbero nyamukuru kwari gushikiriza i bikorwa vyakazoza bimirije barikumwe
n’umuririmvyi mugenziwe Kirikou.

“Bilimani boy” niryo zina bagiye gukoresha bompi mu kazi kabo babikorere hamwe nk’umurwi nkuko umwe ava mu Ntara ya Ngozi uwundi muri Gitega.

Amakuru dufise nuko kw’ igenekerezo rya 6 Myandagaro 2021 azorekura ururirimbo rwiwe ” Nivyanka gose nzoduga” rukazoba ari ururirimbo rwa mbere azoba asohoye kuva ava muri Bantu bwoy.

N ‘umwanditsi w’indirimbo nyinshi zagiye zirafata ikibanza ciza nka ” Nopfa cnk kwitikwiti nizindi nyinshi….

Amaso n’amatwi tubihange kuri Chanel yiwe ya youtube twizere ko azobikora nkuko yama abikora

Indundi magazine dushigikire ivyacu n’abacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037