Inkino

# Indundi Sports | Birangiye Lionnel Messi agiye gukinira PSG

 

 

Iryavuzwe riratashe. Umunya Argentine yahora akinira Fc Barcelona Lionnel Messi araza gushira umukono ku masezerano yo gukinira umugwi Paris Saint Germain wo mugihugu c’Ubufaransa kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 10 Myandagaro 2021, indege yiwe iza kumushikana mu gihugu c’Ubufaransa kuri uyu wa kabiri.

Akaba aza gukorerwa ibipimo vyo kwa muganga bisuzuma y’uko amagara yiwe yifashe neza munyuma ace ashirako umukono ku masezerano yo gukinira umugwi PSG mu kiringo c’imyaka 2.

Akaba azokora ikiganiro n’abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu igenekerezo rya 11 Myandagaro 2021 ku kibuga ca Paris Saint Germain Parc des Princes, bikavurwa y’uko Lionnel Messi agiye kuzohora ahembwa imiriyoni 40 zama Euros ku mwaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036