IKIRUNDI_news

Messi I kigali ?

Mu gihe abakunzi ba PSG bariko bandika ko Messi yari yambaye Ici c’est Paris, abanyarwanda bo babona VISIT Rwanda yariyanditse ku wundi mupira Messi yari yambaye aho yahindura umwambaro ari mu bindi bikorwa.

Akanyamuneza k’igurwa rya Lionel Messi na PSG ntikumvikanye i Paris gusa, ariko n’abanyaKigali akanyamuneza ni kose kuba ico gihangange mu mupira w’amaguru yashitse i Kigali mu Rwanda.

Ako kanyamuneza k’abanyarwanda kakaba yatanguye kuboneka kuva uwo mukinyi atanguye kwambara umwambaro wa Paris saint Germains, wanditseko VISIT RWANDA mu mugongo basanzwe bambara aruko bari mu myimenyerezo.

None tuzohava tubona ico gihangange gishororoka I Kigali canke mu mashamba y’Urwanda kuja kuraba Ingagi nkuko abayarwanda babikora ? biracagoye kwemeza kuko n’ibindi bihangange bagiye gusanga muri uwo mugwi nka Neymar ntarahahonyoza ikirenge, uretse kumenyekanisha ico gihugu bama bakora.

Ico candiko kiri ku mipira bambara batariko barakina, kikaba cagiyeko haraheze igihe kitari gito bivuye ku masezerano yatwaye agafaranga katari gake bahawe. Iyo akaba yatanzwe inyuma yayo bari bahejeje guha umugwi wo mu bwongereza, Arsenal.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037