IKIRUNDI_news

Natasha: Uburuhuko bwarangiye yatahutse

Yari amaze igihe kitari gito atabarizwa mu gihugu, mu kiganiro twashoboye gukorana na manageur wiwe umusi agenda yarabisigiye neza ko agiye gufata akanya aruhuke n’umuryango mu gihugu c’Ubutariyano iyo umugabo wiwe asanzwe akomoka Alfredo.

Ashitseyo yarashirako amafoto ku mbuga ngurukana bumenyi zerekana neza na neza ko ari muri ico gihugu mu bibanza bitandukanye arya ubuzima n’umuryango n’ingene bamwakiranye umunezero.

Ukwezi kurenga atari mu gihugu yatanguye kwerekana ko yakumbuye mu gihugu c’amavukiro amwe mu mafoto yiwe yashirako niyo yabigaragaza yarandika avuga ngo:”ndakumbuye iwacu sinsubira nogufungura ntarashika muhira indya zaho ndazikumbuye.”

Ejo igenekerezo rya 20 Myandagaro 2021 niho yagaragara ku kibuga c’indege c’Uburundi aho yakiriwe n’umuryango wiwe bariko batamba indirimbo yiwe” Naga”, rukaba ari narwo ruririmbo rwiwe rwitwa ko ari rushasha.

Ko akaruhuko karangiye nakahe gakemanyi agiye gufundururira abakunzi biwe?
Gumana na Indundi Magazine, tuzokubera ijisho.
Mugire amahoro mu banyu no mu vyanyu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037