IKIRUNDI_news

Etoile du centre baraje mw’ishusho nshasha

Ni umwe mu mirwi y’abaririmvyi wanditse amateka mu myaka ihitiye, ariko bari bamaze imisi mugacerere umwe umwe wese yikorana ukwiwe, bimwe mu vyatuma ababakurikirana bibazo ko boba bafitaniye icuka kibi, umurwi wabo ugasambuka.

Indundi Magazine uko yagerageza kuyaga na bamwe mubagize uwo murwi bobo ubwabo ntibemera ko bawusambutse ahubwo ngo ni agacerere gusa baracipanga.

Roméo Ininahazwe asanzwe ari muri uwo murwi akaba n’ubu aramutswa ishirahamwe ry’abaririmvyi (amical de musicien) benshi bakunda kumubona mu ma karaoké ndetse n’indirimbo ziwe ntiyahengeshanya kuzisohora.

Willy Sirabahenda nawe akazi yarakabandanyije ukwiwe na rirya asanzwe afise n’iyindi mpano yo gukora amasanamu y’indirimbo akorera abandi baririmvyi.

Paci vyasa nk’uko mu gihugu atahaboneka cane ariko bitabuza ko nawe abandanya asohora ku giti ciwe.

DJ Dady wewe yari yakubitiye mu mahanga kwiberayo.

Biciye ku mbuga ngurukana bumenyi urabona ko basubiye guhura bakibukanya umurwi wabo aho hari n’igikorwa bariko barakora bose hamwe uko ari 4 bafadikanije na Mutima le comédien.

Bandanya urindiranye natwe ico gikorwa nicasohoka tuzobikumenyesha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037