Inkino

# Indundi Sports | Intamba mu rugamba zishobora gukina urukino rwa kivandimwe na Comores

Umugwi nserukira gihugu wa Comores wasavye urukino rwa kivandimwe umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba .

Naho uwo mugwi wa Comores wasavye urwo rukino, intamba mu rugamba z’abakina hanze y’igihugu haracirwa ingene abakinyi bose boboneka na rirya turi mu bihe vya Covid -19 imigwi imwe imwe ishobora kwanka kurekura abakinyi bayo.

Mu kiyago gito Indundi Sports yashoboye gukorana n’uwujejwe kumenyesha amakuru muri FFB Kibuga Ramazani yatwemereye y’uko urwo rukino rushobora kuba ariko ngo baraciga ingene abakinyi bose boboneka akavuga y’uko umuco ukwiye uzoboneka kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 31 Myandagaro 2021.

Urwo rukino rwa kivandimwe rukaba rutegekanijwe kuba igenekerezo rya 7 mu kwezi kwa Nyakanga 2021 ku kibuga ca Malouzini.

Mwomenya y’uko Comores yemereye kurihira intamba mu rugamba ibintu vyose bishoboka kugira bazokwitabire ubwo butumire.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036