IKIRUNDI_news

Drama T ntayivugije, ayiciye umurya

 Ivyo Drama T yaheruka gushikiriza mu kiganiro yagiranye na Indundi Tv, arabishize ahabona.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yari yamenyesheje ko atawomubuza ubucuti n’umuntu n’umwe. Aho ni mu gihe bariko bamubaza ibijanye n’ukugiriranira ubucuti n’umwe mubo bahora barikumwe muri Bantu Bwoy ariko bamaze gusezera iyo Management.

None uno musi Aho yariko yishura ibibazo ku rubuga rwiwe rwa Instagram mu gice ca Story, yahisemwo Big Fizzo na Sat-b bose uko Ari 2, kuriwe ngo nta tandukaniro rihari naho atabashije gusigura vyinshi.

Ivyo biruko mu gihe uwo muririmvyi asanzwe abarizwa mu minwe ya Big Fizzo muri Bantu Bwoy, abantu bakaba bibaza ko uwuri muri Bantu Bwoy atokwemera uwuri muri Empire kuko abasanzwe bazitwara barabana ay’ingwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037