homepageIKIRUNDI_news

Abakozi batoye amafaranga angana 20,000,000 fbu bahamagara Igipolisi

Mu Kibanza bamesuriramwo impuzu bakoresheje imashine hatowe amafaranga angana n’20,000,000 z’amafaranga ya hano iwacu. 

Ayo mafaranga yatowe muri ico Kibanza akaba yaciye ahabwa Igipolisi nkuko bishikirizwa n’ikinyamakuru Europe1, cagiye kuganira n’abakozi baho hantu hatowe Ayo mafaranga.

Abakozi barikumwe na nyene ico Kibanza kiri mu bufaransa bakaba bavuze ko basanze agasaho karimwo amafaranga agizwe n’inoti z’100 n’200 y’amafaranga y’amanyaburaya, noneho bayakuramwo barayumutsa kuko yari yamaze gutoha.

Umwe mu batama bari muri ico Kibanza baje kumesa, bamuhaye ayo mafaranga kuko vyarikumwe n’impuzu ziwe, ariko yayanse kuko ngo Atari rwiwe, Niko guca bahamagara Igipolisi ngo kije gutora ayo mafaranga.

Ubu ayo mafaranga angana n’5’800€ akaba arindiriye nyeneyo ku gipolisi co muri ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686