Inkino

# Indundi Sports | Bigirimana Abedi ariko ageragezwa muri Cs Sfaxien yo muri Tunisie

Umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Bigirimana Abedi yabonetse mu myimenyerezo y’umugwi Sc Sfaxien wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tunisie ariko ntawuramenya y’uko yoba yamaze kugurwa canke yoba ariko akorayo igeragezwa .

Abedi akaba yahora akinira umugwi Kiyovu Sports wo mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Ni umwe mu bakinyi beza bo hagati igihigu c’Uburundi gifise kandi cishimira cane rwose .

Mwomenya y’uko Abedi yashoboye gukina urukino rwa kivandimwe rwahuje umugwi nserukira gihugu wa Tunisie w’abatarenza imyaka 23 hamwe na CS Sfaxien , urwo rukino rwarangiye ku ntsinzi ya CS Sfaxien y’ibitsindo 3-2 , Bigirimana Abedi yashoboye kwinjira mu kibuga mu gice ca kabiri c’urukino .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037