kirundi_SportsIKIRUNDI_news

# Indundi Sports | Francine Niyonsaba asubiye kandi kwenurira abandi kuro metero 2000

 

 

#Indundi Sports|Francine Niyonsaba asubiye kandi kwenurira abandi ku metero 2000

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 14 Nyakanga 2021 , Isaha imwe n’igice 19h30 niho umunonotsikazi w’umurundi Francine Niyonsaba yasubira guhiganirwa kwiruka ku metero ibihumbi 2000 mw’ihiganwa ryitiriwe Boris Hanzekovic Memorial ryariko riberwa i Zagreb mu gihugu ca Croatie.

Niyonsaba akaba yasubiye kwenurira abandi mu gukora ibitangaza aho yakoze ico bita word Record.

Uwo munonotsikazi wacu akaba yirutse umwanya mwiza cane kuko yirutse iminota itanu. amasegonda mirongo ibiri n’umwe n’ama “tierces 56 (5’21’56’’).

Kuva aho aviriye mu mahiganwa ya Tokyo 20201 Francine Niyonsaba ntarasubira gutakaza ikibanza ca mbere; mu Bufaransa yabaye uwa mbere , muri Suisse aba uwa mbere, mu Bubirigi aba uwa mbere n’ubu muri Croatie yasubiye kuba uwa mbere.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 275