IKIRUNDI_news

Iyo hataba Samantha ngo Tetero ashobora kuba atari kuronka za Miliyoni 25

Samantha Michelle umuririmvyikazi w’umurundi abarizwa muri kino gihe I Kigali mu Rwanda, ngo niwe yabaye Imbarutso ya Tetero kuja muri Primusic.

Uwo muririmvyikazi Tetero aganira n’abigeme ba Ngoma, yamenyesheje ko amaze kubona muvyarawe aronse Amahigwe muri Primusic, ngo nawe vyamuhaye icizere co kuja kwiyandikisha.

Yahavuye aronka ikibanza ca 1 muri iryo higanwa ryari ryashize ku meza imiliyoni 25 ku muririmvyi wa 1, ariko ngo ntivyari vyoroshe.

Nkuko yabandanije abivuga mu kiyago n’abigeme ba Ngoma, ngo ico gihe yaramenyereye abamuca intege, ntiyari bwaronka abantu bamubwira ko azi kuririmba, naho we yashaka vyukuri kuba umuririmvyikazi.

Laurette ngo yarijijanije umutima umwanya utari muto, ariko aza kwiyumvisha ko ataco yohomba Atari ukwunguka ari nka hamwe aronse akaryo ko gutwara ico Kibanza ca 1.

Aha mwokwibuka ko Samantha aheruka kugira ico avuze kuri bamwe bavuga ko Tetero yisabiye Yambi umukuru w’igihugu ha kuvuka ibibazo bihanze umuziki wa hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036