IKIRUNDI_news

Ivyo Tetero yasavye, Vania ice ngo sivyo we yari gusaba

Vania ice ngo buri muntu Asaba ico afise ku mutima, Aho uwo muririmvyikazi mushasha akaba yariko avuga ku biheruka kuba kuri Tetero aho yavuzweko kudasaba ivy’akamaro ahubwo akisabira Yambi Gusa.

Mu kiyago n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu, uwo mwanditsi w’indirimbo Ihela iriko Isa n’iyifata neza ku rubuga rwiwe rwa YouTube, yavuze ko iyo agirirwa ibakwe ryo kugira ico Asaba umukuru w’igihugu, we ngo ntiyari gusaba Yambi.

Vania asanzwe aririmba muri Karaoke kuri Zanzi, akaba avuga ko iryo bakwe arihawe ngo yosaba Ihela, kuko imigambi yo ngo s’iyo abuze, nkuko yabandanije abiyagira Starboy257.

Mwomenya ko abantu badahuriza kuco uwo muririmvyikazi yari gusaba Umukuru w’igihugu cacu ciza c’Uburundi, kuko bamwe bavuga ko yari kuvuga ibibazo bihanze igisata c’umuziki hano iwacu, mu gihe abo ku ruhande rwiwe nabo bavuga ko ico yakoze yasavye Yambi ariko ngo ashaka umubonano.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036