BurundihomepageIKIRUNDI_newssociete

Muramvya: Ubwicanyi bwakozwe mu 1972 ni agahomerabunwa

Umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR waraye ushize ahabona ibisigarira birenga igihumbi vy’abantu bishwe mu rwimo rwo mu 1972 umaze gutora mu binogo rusangi mu ntara ya Muramvya.

Vyashikirijwe na Petero Claver Ndayicariye arongoye uwo murwi aho avuga ko ivyo bisigarira vyatowe mu binogo birenga icumi, hari mu gisabisho mpuzamadini cama gitunganywa n’uwo murwi igihe cose uba usozereye vy’imfatakibanza ibikorwa vyawo mu ntara uba umaze imisi uriko ukoreramwo ushaka kwimukira gukorera mu yindi ntara.

Mwomenya ko iyo ntara ya Muramvya wariwo murwa mukuru w’igihugu igihe hagandagurwa abo bantu, ubwo bwicanyi bukaba bwagirozwa ubutegetsi bwari burongowe na Michel Micombero.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 718