IKIRUNDI_news

Big Fizzo ngo abahimbaza Halloween benshi bagenda nk’Intama

Umukirisu canke uwemera Imana yahimbaje Halloween, ngo n’ikintazi, ivyo uwo muririmvyi aheruka kubishikiriza mu kiyago cashizwe ku rubuga rwa Youtube rwa Mista Champagne, aho uwo wanyuma yariko abimubazako ngo kuko ariwe amenyereye ivy’abazungu. 

Kubwa Mugani, ngo uwo musi n’uwo guhimbaza Satani, ivyo abatabizi nuko batabaza badasoma, canke ngo barondere, ahubwo bagenda nk’intama zijanywe ku macuniro. Mugani akaba anavuga ko abantu benshi babikurikira kuko babona umuzungu abikoze, kandi batazi vyukuri ikivyinyegeje inyuma.

Mugani Desire muri ico kiyago nyene, yavuze ko n’abahimbaza umusi mukuru w’ivuka rya Yezu, uhimbazwa itariki 25/12 ngo nabo bararaba neza kuko barabeshwa, kandi ababahimiriza kuwuhimbaza nabo babizi neza ko umwana w’Imana atavutse uwo musi.

Big Fizzo yabandanije muri ico kiyago avuga kandi ko uwo musi nyene, ngo aho hambere wari umusi bahimbazako iyindi Mana y’abapagani.

Muri ivyo vyose, uwo muririmvyi akaba ahanura abantu guhaguruka bagasoma, bakaza barabaza imbere yuko baja mu bintu, kugira umuntu ntapfe kugenda uko nyene gusa.

Mwomenya ko hari amashusho atandukanye yabonetse kuri Instagram ya Mista Champagne yiwe na Big Fizzo, aho hanuganurwa ko hoba hari iyindi ndirimbo iri hagati yabo yoba iriko irategurwa, uretse ko bose uko ari babiri basanzwe ari incuti za cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037