footballkirundi_Sportsprimus ligueUncategorized

# Indundi Sports | Harimenshi Alexis agiye kwitoza mu kibanza c’uwuzotwara Futsal na Soccer Beach

 

Haampande yo kuba icegera c’uwutwara abamenyereza bo mu Burundi Harimenshi Alexis agiye kwitoza mu kibanza co gutwara Futsal na Soccer Beach.

Igenekerezo rya 05 Kigarama 2021, niho hazoba amatora yo ku rwego rw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB .

Harimenshi Alexis akaba azokwitoza mu kibanza c’uwuzotwara Futsal hamwe na Soccer Beach aho azoba ariko ahiganwa n’umushingantahe Idi Juma Musoma asanzwe afise imyaka 67 y’amavuko akaba ari nawe yari asanzwe atwara ico gisata c’inkino za Fotsal na Soccer Beach .

Alexis w’imyaka 35 akaba asanzwe ari umumenyereza afise Licence C ya CAF na Certificat ya Licence B, amateka yiwe akaba ari aya akurikira :

-Mu mwaka wa 2005-2006 : Yafashije umugwi Burundi Pax gutwara igikombe co muri Cadet Ngagara

– Mu mwaka wa 2006-2007 : yabaye umumenyereza mukuru mu cicaro ca 4 muri AFB

– Mu mwaka wa 2007-2008: yamenyereje Royal Fc ayifasha gutwara igikombe mw’ihiganwa ryo muri Local ayishikana muri Ligue B akaba yabandanije afasha Ishike Ligue A

– Mu mwaka wa 2008: Umumenyereza mukuru wa Royal Star mu cicaro ca 3 muri AFB

– Muri uyo mwaka nyene wa 2008: yahawe Certificat y’abamenyereza b’umupira w’amaguru hamwe na FIFA Olympic Solidarity .

– Mu mwaka wa 2008-2009: Umumenyereza w’umugwi Anaconda B ni yo yari Vital’o Fc B muri AFB

– Mu mwaka wa 2009 : yaronse Licence C ya CAF

– Mu mwaka wa 2010 -2011: yatwaye igikombe amenyereza umugwi w’abigeme wo mu nkino zo ku rwego rw’igihugu National A ari kumwe na KEREBUKA FC y’i Makamba.

– Mu mwaka wa 2012: Certificat ya Licence B ya CAF

– Mu mwaka wa 2011-2013: Umumenyereza mukuru w’umugwi Les Guepiers du Lac wo mu cicaro ca kabiri hamwe na Buja City muri Primus League

– Mu mwaka wa 2013-2014: yafashije Les Elephants y’i Bubanza gutwara igikombe asubira kandi ashikana uwo mugwi mu gice ca kabiri gishira ica nyuma c’inkino z’igikombe c’Umukuru w’Igihugu.

– Mu mwaka wa 2014: yaronse Certificat y’ubumenyereza bw’abanyegori

– Mu mwaka wa 2017-2018: Umumenyereza wa Ngozi City muri Primus League

– Mu mwaka wa 2018: Umuyobozi mukuru w’ubuhinga muri Kayanza United .

– Mu mwaka wa 2020-2021: yamenyereje Bumamuru Fc mu nkino zo gusubiriza

-Mu mwaka wa 2021: Yasubiye kandi atorwa nk’icegera c’uwutwara abamenyereza bo mu Burundi .

Wewe nk’umukunzi w’inkino hagati ya HARIMENSHI Alexis w’imyaka 36 n’amateka yiwe na IDI JUMA MSOMA w’imyaka 67 uha amahigwe Inde?

Ivyo azomarira urwo rukino niyaramuka yizewe agatorwa?
Ivyo n’ibindi azobibamenyesha mu kiganiro azokorera kuri Indundi Tv kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 10 Munyonyo 2021.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 359