BurundihomepageIKIRUNDI_news

Urugendo rwa Steve Derrick I Kigali ntirwamuhiriye 100%

Abakurikiranira hafi ivya Steve Derrick umwe mu bamenyeshamakuru ba Sport bakunzwe cane, baramenye ko uwo mumenyeshamakuru yaragize imisi ari I Kigali.

Urwo rugendo yakoze ava muri Swede gushika I Kigali, ngo ntikari akaruhuko gusa, naho yaronse akaryo ko kuganira n’abo yaheruka kera nka Boris n’abandi batandukanye baherukana ari I Bujumbura, ariko ngo yari no mu kazi kuko yarajanywe no kuraba ibikorwa buserukizi bw’ico gihugu mu Rwanda buriko burakorera muri ico gihugu, nkuko yabiyagiye mugenzi wacu Julius Chita.

Muri ico kiyago nyene,uwo mumenyeshamakuru akaba yamenyesheje ko ubwo buserukizi buriko bukora ibikorwa bikomeye cane muri ico gihugu, nkuko yabashije kuvyiboneshereza amaso.

Urwo rugendo rero ngo ntirwamubereye rwiza 100 kwi 100 kuko mu gihe yari yahuye n’incuti ziwe za kera, basangiye urukundo ku mupira, bahavuye bafatanya mu kuja gutera agapira, ariko ntivyamuhira kuko agiye gukupita Tacle, abandi barakomye amashi, kumbe ukuboko amagufa amwe yatandukanye.

Mwomenya ko uwo mugabo asanzwe akora akazi ko kumenyeshamakuru muri ico gihugu, ariko kandi akaba ari n’umuyobozi w’insamirizi Africa For Hope isanzwe isamirana muri Sweden Nyene kandi igashikiriza ibiganiro mu Kirundi no mu Kinyarwanda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717