BurundihomepageIKIRUNDI_newsmusic

Big Fizzo yajumarariwe, Koffi yicwa n’agatwengo

Abantu ntibakira ibintu kumwe, mu gihe Big Fizzo na Koffi Olimide bose baheruka kubirwa bakiri bazima, Big Fizzo yabonetse yajumarariwe, nayo Koffi we agatwengo kamwishe muri Video yasangije abantu kuri Instagram yiwe.

Mu gihe amakuru atandukaye yaragize akanya akwirakwizwa hirya no hino ko umuririmvyi Koffi Olomide yoba yamaze kwitaba Imana bivuye ku bantu boba bamurasiye mu nzu iwe muri Congo, uwo muririmvyi rurangiranwa wa Rumba yabeshuje iyo nkuru.

Mu buryo butamenyerewe mu baririmvyi iyo babitswe bakiri bazima, Koffi Olomide yasangije ubutumwa abamukurikirana kuri Instagram, buciye muri Video y’umwanya muto cane, aho yabonetse agatwenga kamwishe, ariko asubiramwo ko bavuze ko bamurasiye muhira iwe.

Iyo nkuru y’umubabaro ikaba yari yakwirakwijwe hirya no hino n’ikinyamakuru co mu gihugu ca Guinee aho cari cavuze ko uwo muririmvyi yari yiciwe muhira iwe.

Ivyo ntivyabaye muri ico gihugu gusa, kuko mu basanzwe bakurikiranira hafi ivy’umuziki wa hano iwacu, murabizi ko na Big Fizzo hari humvikanye amakuru ko yoba yagize isanganya, ariko bikaba kubeshuzwa n’abategetsi batari bake barimwo musatanteri wa Komine Mukaza, co kimwe na Amb. Willy Nyamitwe.

Uwo muririmvyi we akaba atigeze aboneka agira ico avuze. Muri Video yabashije gushirwa kuri Instagram y’umufana wiwe, yamwerekanye yajumarariwe aho bamwe bariko bamuha Pole kuko nabo iyo nkuru y’incamugongo bayumvise.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721